Sentare y’igihugu ca Isiraheli ku wa kabiri yegetse icaha kuri, Yosef Haim Ben David, umuturage wa Isiraheli yishe umukangara w’Umunyapalestina amuturiye mu bwicanyi bw’ukwihora. Ivyo vyatumye haba ingwano hagati ya Israeli n’Abanyapalestina mu ntara ya Gaza yamaze imisi mirongo itanu.
Iyo sentare yiyamirije ivy’uko yari afise ibibazo, mu kuvuga ko yari azi neza ivyo yakoze igihe yakora ubwo bwicanyi. Bitegekanijwe kw’asomerwa urubanza mu kwezi guza.
Abandi banya Isiraheli babiri baza baregetsweko ivyaha kuri ubwo bwicanyi. Umwe muribo yaciriwe gupfungwa ubuzima bwiwe bwose, uwundi yaciriwe imyaka mirongo ibiri.
Abo bantu bose uko ari batatu baremeye ko bishe umukangara w’Umunyapalestina, Mohammed Abu Khdeir, inyuma yuko bamunyuruje kw’ibarabara mu gice co mu buseruko bw’igisagara ca Yeruzalemu, bamujana n’imodoka mw’ishamba ku butaka bwa Israeli.
Ico caha cakozwe mu kwihora kw’inyuruzwa n’iyicwa ry’imikangara itatu y’abanyaisiraheli ryagizwe n’abarwanyi b’umurwi Hamas hafi y’intara ya Cisjordaniya.