Uko wahagera

Abanyafrika Amajana Basomye Nturi muri Mediterane


Abimukira amajana n'amajana bava mu karere ko muri Afurika yo mu buseruko bavurwa ko bapfuye igihe ubwato bwabo bwibira mu gice co mu buseruko bw’ibahari Mediterane.

Ivyabona n’abarokotse babwiye Ijwi ry'Amerika uno musi ku wa mbere kw’ubwato bwibiye mu gihe bwari butwaye abantu bagera ku majana atanu.

Igitigiri kitazwi c’abari muri ubwo bwato bagiye mu bundi bwato bwari hafi yaho, bagenda baroga. Mu nyuma yaho batabawe bajanwa mu gihugu c’Ubugiriki.

Iyo mpanuka yabaye kw’italiki umunani z’ukwezi kwa kane yamara yavuzwe ubwa mbere na radiyo BBC ku mmuhingamo wo ku musi w’Imana.

Mussa Mahamed Adam ava mu gihugu ca Ethiopiya, avuga ko ari umwe mu barokotse iyo mpanuka. Yabwiye Ijwi ry'Amerika kw’ubwato barimwo bwibiye inyuma yuko we n’abandi bimukira amajana abiri babwinjiyemwo bavuye mu bundi bwato butoyi bwari buvuye mu gihugu ca Misiri umusi umwe n’igice w’imbere yaho.

XS
SM
MD
LG