Uko wahagera

Juba: Reta Nfatakibanza Irategerejwe


Umunyamabanga mukuru w'sihirahamwe ONU, Ban Ki-moon
Umunyamabanga mukuru w'sihirahamwe ONU, Ban Ki-moon

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu, ONU, Ban Ki-moon, yavuganye kw’itelefone na perezida wa Sudani yo mu bumnuko, Salva Kiir, n’umutegetsi mukuru arwanya ubutegetsi, Riek Machar, ku musi ku wa mbere.

Yabasavye gushiraho mu maguru masha reta nfatakibanza ibwonwa ko ari intambwe ikomeye cane ku vyerekeye guhagarika ingwano mu gihugu.

Ivyo biganiro kuri telephone vyabaye mu gihe, Riek Machar, ariko yitegurira kugaruka ku murwa mukuru wa Sudani yo mu bumanuko, Juba, kurahira mu mabanga y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, n’ugushiraho reta na Perezida Salva Kiir.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ritangaza ko, Ban Ki-moon, yahayagije Kiir ku ngingo yiwe y’ukwakira Machar ku murwa mukuru, Juba.

Ban Ki-moon yarakiye neza ingingo ya Riek Machar y’ukugaruka ku murwa mukuru, Juba. Yamusavye gukorana na Perezida Kiir mu mugambi w’ugutuma ata rundi ruhagarara n’ubwicanyi biba mu gihugu.

XS
SM
MD
LG