Uko wahagera

Burundi : Abahagaritse Imfashanyo Ntaco Bagikora


Icegera ca mbere c'Umukuru w'igihugu c'Uburundi, Gaston Sindimwo
Icegera ca mbere c'Umukuru w'igihugu c'Uburundi, Gaston Sindimwo

Mu Burundi, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo yavuze ko bidasiguritse ingene bamwe mu baserukira ibihugu vyahagaritse imigenderanire n’imfashanyo baguma mu gihugu c’Uburundi.

Yabishikirije kuwa gatandatu mu bikorwa rusangi vyari vyatunganijwe mu gisagara ca Bujumbura

Gaston Sindimwo asigura ko bari bakwiye gusaba mu gipolisi kijejwe ingenzi, abanyamahanga n’ibirere impapuro za ba mukerarugendo, touristes mu gifaransa kuko ataco bariko baramara.

Mu batavuga rumwe na Leta, umugambwe w’abadasigana Uprona utemewe n’ubutegetsi umenyesha ko imvugo y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yerekana ko yirengangije amasezerano ya Vienne agenga imigenderanire hagati y’ibihugu.

Thatien Sibomana asigura kandi ko iyo imigenderanire y’ibihugu iba ihagaze ku mfashanyo z’uburyo gusa ata na hamwe Uburundi bworonse ubuserukizi kw’isi. Ikindi naco ngo nk’umutegetsi icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yarirengangije imfashanyo ibihugu vyemeye kubandanya biha abarundi mu bisata vy’amagara y’abantu, ukugwanya inzara n’ibindi.

N’inkuru dushikirizwa n’umumenyeshamakuru w’ijwi ry’Amerika, Eloge Willy Kaneza

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:24 0:00

XS
SM
MD
LG