Uko wahagera

Etiyopiya: Abantu 140 Barishwe


Mu gihugu ca Etiyopiya, abantu barenga 140 barishwe abandi baranyuruzwa mu gitero cagabwe n’imigwi yitwaje ibirwanisho yaje iva muri Sudani y’amajepfo.

Abategetsi ba Etiyopiya bamenyesha ko ico gitero cabaye ku musi wa gatanu hafi y’intara ya Gambella cari gishingiye kumvo z’amoko. Bamenyesha ko mu bapfuye harimwo abagore n’abana.

Umushikiranganji wa Etiyopiya ajejwe kumenyesha amakuru Getachew Reda yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ryo muri Amerika Associated Press kuwa mungu ko igisirikare ca Etiyopiya kiriko kirakurikirana abo barwanyi iyo bahungiye.

Reda yamenyesheje ko abo barwanyi ata co basana na leta ya Sudani y’epfo canke abayirwanya. Yavuze ko Igisirikare ca Etiyopiya cishe 60 mur’abo bagavye ico gitero, kandi ko kiriko kirakurikirana abahungiye muri Sudani y’epfo.

Igihugu ca Etiyopiya gihaye indaro impunzi zo muri Sudani y’epfo ziharurwa mu bihumbi 272 bari mu ntara ya Gambella bahunze intambara muri Sudani y’epfo yatanguye mu mwaka w’2013. Abarenga ibihumbi cumi barishwe abarenga imiliyoni zibiri barahunze ingo zabo.

Ku musi wa mbere Riek Machar yitezwe gusubira kumurwa mukuru Juba wa Sudani y’epfo, ni mw’ishirwa mungiro ry’amasezerano y’amahoro yasinywe n’abegwa n’intambara mur’ico gihugu.

XS
SM
MD
LG