Uko wahagera

Papa Faransisiko Yahaye Indaro Impunzi


Papa Faransisiko
Papa Faransisiko

Papa Faransisiko yaratahukanye abanyasiriya b’impunzi 12 I Vaticano, inyuma y’aho akoreye urugendo rw’akanya gatoyi mw’izinga ryo mu gihugu c’Ubugereki, ryitwa Lesbos.

Papa yaremeje ayo makuru ku musi wa gatandatu, avuga kw’imiryango itatu y’abanyasiriya b'abayisilamu, irimwo abana batandatu, yatahukanywe I Roma.

Iyo miryango izohabwa indaro I Vaticano. Mu gutwara izo mpunzi i Vaticano, Papa Faransisiko yashaka gutanga ubutumwa bwo kwakira impunzi.

Iyo miryango iva mu bisagara bitandukanye vyo mu gihugu ca Siriya

Bose baratakaje amazu yabo yasenyuwe n’ibibombe. Papa Faransisiko yavuze kw’ingingo yafashe, ari ingingo ifise intumbero yo kugarukira imbabare, akaba yamenyesheje kw’ata mvo za politike, zirimwo.

Yamara iyo ngingo ifashwe mu gihe mu bihugu vy’ibulaya mur’iki gihe, impunzi zitariko zirakirwa, nk’uko vyahora.

Imbere y’uko ava mw’izinga rya Lesbos, Papa Faransisiko yarifatanije na musenyeri wo mu gisagara ca Athen Bartholomew, mu gutera igikumu kw’itangazo ritera akamo amakungu, riyasaba gukingira impunzi hamwe no kuziha ubuhungiro.

Papa Faransisiko yaragendeye kandi ikampi yo mur’iryo zinga rya Lesbos, ikoranirijwe impunzi.

XS
SM
MD
LG