Uko wahagera

Turukiya: Demokarasi Yasubiye Inyuma


Abanyamakuru muri Turukiya biyamiriza ifungwa rya mugenzi wabo
Abanyamakuru muri Turukiya biyamiriza ifungwa rya mugenzi wabo

Umuryango w’Ubumwe bwa Bulayi wagiriza igihugu ca Turukiya ko kiriko kirasubira inyuma muri demokarasi, ukagisaba gutunganya ibiganiro vya politike ku bibazo bihambaye biri mur’ico gihugu.

Mu nama y’abashingamateka b’ibihugu bigize ubumwe bwa Bulayi yabaye kuwa kane, Ubulayi bwagiriza Turukiya ko kitubahiriza agateka ka muntu kandi ko ata kwigenga kw’ibinyamakuru kuri muri Turukiya.

Abanyabulaya basaba Turukiya guhagarika iterabwoba ku banyamakuru no kureka abanyagihugu bagashikiriza ivyiyumviro vyabo.

Ariko naho bir’uko, Ubumwe bwa bulayi buremeza ko Turukiya gifitaniye ubucuti nabo mugihe Turukiya cemeye kwakira impunzi ziri ku mugabane wa bulayi.

XS
SM
MD
LG