Uko wahagera

Siriya: Amatora y’Abashingamateka


Perezida Assad wa Siriya ariko aratora
Perezida Assad wa Siriya ariko aratora

Igihugu ca Siriya caratunganije amatora y’abashingamateka ku musi wa gatatu. Amatora benshi bemeza ko ata nkeka abari k’ubutegetsi aribo bazoyatsinda.

Ayo matora ngo n’uburyo Perezida wa Siriya Bashar al-Assad yaronse bwo kuguma k’Ubutegetsi. Assad yamye ashimika ko ayo matora abwirizwa kuba mugihe Siriya casinzikajwe n’intambara kandi abanyagihugu batari bake bahunze.

Abanyagihugu bagumye mu gihugu bari mu bice vyigaruriwe n’abagwanyi ba leta ya Kiyisilamu. Ayo matora yabaye gusa mu bice bigenzurwa na Assad.

Ayo matora yabaye mugihe I Jeneve hakoraniye aberwa n’intambara muri Siriya mu bindi biganiro bigamije gutora umuti w’intambara iri mur’ico gihugu.

Abategetsi bava mu bihugu rutura hamwe n’abanywanyi b’abatavugarumwe na leta ya Siriya biyamirije ayo matora.

XS
SM
MD
LG