Uko wahagera

Ikinyamugigima Gikomeye mu Buyapani


Ikinyamugigima gikomeye cane cabaye mu bumanuko bw’igihugu c’Ubuyapani ku muhingamo, uno musi ku wa kane.

Ico kinyamugigima casenyuye amazu cumi n’icenda, yamara urugero rw’ivyasenyutse gushika ubu ntirutomoye.

Abantu babiri bahitanywe n'ico kinyamugigima, abandi mirongo ine na batanu barakomereka. Abo bantu bava mu gisagara ca Mashiki, igisagara casinzikajwe bikomeye kurusha ibindi bice.

Ikigo ca Amerika, kijejwe gukwirikirana ivyerekeye ibinyamugigima, kimenyesha kw’urugero rw’ico kinyamugigima mu ntango rwari bitandatu n’ibice. Ico kinyamugigima cakwirikiwe n’ibindi binyamugigima bitari bike mu karere ka Kumamoto, kw’izinga rya Kyushu.

Abajejwe gutangaza amakuru mu Buyapani bavuga kw’abantu 45 bajanywe mu bitaro. Batanu muribo bakaba bakomeretse bikomeye cane. Igipolisi kivuga ko bafise ubwoba kw’abantu bagifatiwe mu mazu yasenyutse muri ako karere.

Aho ico kinyamugigima cabereye ubwa mbere ni ku bilometero 120 umuntu avuye mu kibanza gitanga umuyagankuba ufatiye ku buhinga bwa nucleaire. Yamara bivurwako ico kibanza gikora nkuko bisanzwe.

Itangazamakuru mu Buyapani rimenyesha kwamatereri anyaruka cane yahagaritse imiromo yayo inyuma y’ico kinyamugigima.

XS
SM
MD
LG