Uko wahagera

Panama Papers: Amatohoza Arabandanya


Umupolisi wa Panama ku kigo Mossack Fonseca cagirizwa kugira uruhara mw'inyuruzwa ry'amafaranga mu rukurikirana rw'ivyiswe Panama Papers.
Umupolisi wa Panama ku kigo Mossack Fonseca cagirizwa kugira uruhara mw'inyuruzwa ry'amafaranga mu rukurikirana rw'ivyiswe Panama Papers.

Igipolisi co mu gihugu ca Panama carakoze ibikorwa vyo gusaka ikigo c’abashingwamanza citwa Mossack Fonseca cagirizwa gufasha kubika mw’ibanga amafaranga y’abategetsi bakomeye kw’isi, ni mu rukurikirane rw’amabanga aheruka gusohorwa yiswe Panama Papers. Ivyo vyabaye kuwa gatatu.
Ikigo Mossack Fonseca nico cagirijwe ko cafashije mw’inyuruzwa ry’amatagisi hamwe no kugira uruhara mu bindi bikorwa vya forode.

Uwashinze ico kigo Ramon Fonseca yamenyesheje ko ikigo ciwe ata mategeko carenze kandi ko ata mpapuro na zimwe cigeze kinyegeza canke ngo kizimanganye.

Bamwe mu bategetsi bakomeye kw’isi bagirizwa mur’iryo nyuruza ry’amatagisi ni Perezida Petro Poroshenko wa Ukraine, abandi n’abagenzi ba Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya, incuti za ministre wa mbere w’ubwongereza David Cameron, Minisitiri wa mbere wa Pakisitani Nawaz Sharif; hamwe na Perezida w’Ubushinwa Xi Jinping.

XS
SM
MD
LG