Uko wahagera

Ibirwanisho Vy’Ubumara Mu Bulayi


Abahinga ba ONU basuzuma ibirwanisho vy'ubumara
Abahinga ba ONU basuzuma ibirwanisho vy'ubumara

Ibihugu vy’Uburusiya n’Ubushinwa bisaba ibihugu bibanyi na Siriya ko vyomenyesha ishirahamwe mpuzamakungu ONU mugihe vyosanga hari imihari irwana mur’ivyo bihugu yoba ifise ibirwanisho vy’ubumara.

Ivyo bihugu uko ari bibiri vyararungitse kuwa gatatu integuro y’itegeko mu kanama ka ONU kajejwe umutekano, urwandiko ruvuga ko abakora iterabwoba bageramiye umugabane wa Bulayi.

Ambasaderi w’Uburusiya muri ONU, Vitaly Churkin amenyesha ko bafise amakenga ko I Bulayi hoba hagiyeyo impunzi zitwaje bimwe mu bikoresho bihingura ibirwanisho vy’ubumara kandi bafise n’ubuhinga bwo kubikora.

Ibihugu bisabwa kugenzura imigwi irwana mu bihugu vyavyo ni cane cane Siriya na Iraki.

XS
SM
MD
LG