Uko wahagera

Amerika Itewe Amakenga n’Intambara Muri Siriya


Leta zunze ubumwe z’Amerika imenyesha ko itewe umutima uhagaze n’intambara iguma yiyongera muri Siriya mu gihe himirije ibindi biganiro vy’amahoro. Amerika irega igisirikare ca Siriya ko kigira ubwicanyi bukabije.

Umuvugizi wa Deparotema ya leta ya Amerika Mark Toner amenyesha ko ubwo bwicanyi buteye kubiri n’amasezerano yo gushira ibirwanisho hasi yateweko umukono mu kwezi kwa kabiri.

Ibindi biganiro bitegekanijwe kuwa gatatu I Jeneve mu Bu Suwisi.

Leta ya Amerika yise Perezida wa Siriya Bashar al-Assad ko ar’umwicanyi agandagura abanyagihugu biwe kandi ko adakwiye kuba mu bategetsi ba Siriya muri kazoza.

Aho ni mugihe Uburusiya bwo buvuga ko iyo ngingo ikwiye gufatwa n’abanyagihugu ba Siriya mu gishingo ca Amerika.

XS
SM
MD
LG