Uko wahagera

BURUNDI: Abarundi barindiranye Igishika Ibiganiro


Ildephonse Rugema
Ildephonse Rugema

Ingendo zitandukanye zakozwe n'abategesi bakomeye bo kw'isi, ziratanga akizero kw'ibigairo hagati y'abonse rumwe, bzoteba bigatangura

Inyuma y’aho mu Burundi hagendeye abategetsi bakomeye barimwo umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu Ban Ki-moon, hamwe n’intumwa zo mu rwego rwo hejuru rw’ishirahamwe rya Afrika zigizwe n’abakuru b’ibihugu n’amareta, hamwe n’inyuma y’urugendo rw’icegera ca secreteri wa department ya reta ya amerika ajejwe agateka ka zina muntu Tom Malinowski, abarundi batari bake bari bejejwe agatima kw’ikibazo c’umutekano muke cugarije Uburundi n’abarundi kigiye gutorerwa inyishu mu biganiro birimwo bose.

Ivyo biganiro gushika, ubu, nta sango ry’igihe bizotangurira rizwi naho habonetse uwundi mutegetsi, Benjamin Mkapa, yahoze atwara igihugu ca Tanzania, azofashanya na President Yoweri Muveni wa Uganda, mu gikorwa co guhuza abarundi, kugira batorere hamwe inyishu z’ibibazo vya politike.

Mbega hokorwa iki kugira ngo ibibazo reta y’Uburundi itumvikakananko n’abatavuga rumwe nayo, bitorerwe umuti?

Mushobora kwumviriza ikiganiro Murisanga, twatumiyemwo, Ildephonse Rugema, umurundi aba mu Bwongereza hamwe na Diomede Misigaro, umurundi aba mu gisagara ca Nashville, mu ntara ya Tennessee muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

please wait

No media source currently available

0:00 0:49:46 0:00

XS
SM
MD
LG