Uko wahagera

ONU: Harageze ko Yemeni Iva mu Kaga


Intumwa idasanzwe ya ONU muri Yemeni Ismail Ould Cheikh Ahmed
Intumwa idasanzwe ya ONU muri Yemeni Ismail Ould Cheikh Ahmed

Intumwa y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu gihugu ca Yemeni, Ould Cheikh Ahmed ku wa mbere yakiye neza agahengwe kazoba gahagaritse ikiringo kirenga umwaka c’ingwano muri ico gihugu. Amenyesha kw’iki ari igihe c’ukuva mu kaga.

Ako gahengwe katanguye mw’ijro ryashiriye uno musi ku wa mbere hagati ya reta ya Yemeni, urunani ruyobowe na Arabiya Sawudite n’abarwanya ubutegetsi b’aba Houthi bafashe umurwa mukuru mu mpera z’umwaka w’i 2014.

Izo mpande zose ziyemeje ku vyerekeye kwubahiriza ako gahengwe kabaye imbere y’ibiganiro vy’amahoro bitegekanijwe kuba kw’italiki 18 z’ukwezi kwa kane mu gihugu ca Koweit.

Intumwa y’ishirahamwe ONU muri Yemeni, Ismail Ould Cheick Ahmed avuga ko hari akaryo k’ugusubira kwubaka Yemeni yageramiwe n’ingwano n’ubwicanyi mu kiringo kirekire cane.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, John Kerry, yerekanye ko ashigikiye agahengwe muri Yemeni uno musi ku wa mbere.

Yasavye impande zose kuhabonera akaryo kugira zirohereze imfashanyo gushikira abanyagihugu, n’ukugira intambwe ku bijanye n’ugutorera inyishu iciye mu biganiro ibibazo biri muri Yemeni.

XS
SM
MD
LG