Perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, Barack Obama avuga ko ikosa rikomeye yakoze mu mabanga yiwe ari ukuba atiteguriye ikiringo c’inyuma y’ikurwa ku butegetsi rya Muammar Kadhafi mu gihugu ca Libiya mu mwaka w’i 2011.
Ikurwa ryiwe ku butegetsi vyatumye haba akajagari mu gihugu.
Perezida Obama yaravuze ku vyagenze neza n’ibitagenze neza mu biringo vyiwe bibiri mu mabanga y’umukuru nw’igihugu, mu kiganiro kuri televiziyo y'inyamerika, Fox News.
Yavuze ko ibikorwa vya gisirikare muri Libiya mu mugambi w’ugukingira abasivile intwaro ya Kadhafi, vyari bikwirkiye. Inyuma yuko Gadhafi yishwe, amezi atari make inyuma yuko Amerika n’ibihugu vy’i Bulaya bitanguye ibitero vy’indege z’ingwano, Libiya yagiye mu kajagari ikirimwo muri iki gihe.
Imirwi y’abarwanyi yarigaruriye ico gihjugu mu gihe hari inama nshingamateka n’ama Reta abiri bihiganwa mu gihugu.
Libiya kandi yabaye ikibanza abimukira bagerageza kuja mu karere k’i Bulaya baza bavuyemwo.
Perezida Obama yatangaje ko Libiya irimwo akajagari muri kii gihe. Perezida Obama avuga ko ikintu gikomeye yaranguye mu myaka indwi ari ku butegetsi ari ukuba yagarukiye ubutunzi bw’igihugu bwari bwayanzaye igihe yashika ku butegetsi.
Abakozi imiliyoni n’imiliyoni bari batakaje ubuzi bwabo, abanyamerika batri bake baratekaje amazu yabo kubera batari bagishobora kuriha amadeni y’amabanki.
Ikindi kintu camuzeye cane n’iyemezwa ry’itegeko rigenga ukugene abanyamerika bivuza, ryorohereje uburenganzira bw’ukwivuza ku banyamerika imiliyoni n’imiliyoni