Uko wahagera

USA: Carter Muri Philipine Mu Ndwi Iza

Britaniya şahzadəsi Villiam ailəsi ilə

Britaniya şahzadəsi Villiam ailəsi ilə

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ash Carter amenyesha ko agiye kugira urugendo muri Aziya mu ndwi iza.

Carter azogendera igihugu ca Philippine aho Amerika ifise umugambi wo gushinga inkambi ya gisirikare hafi y’akarere karimwo amatati ko mw’ibahari ryo mu bumanuko bw’Ubushinwa.

Ariko Carter amenyesha ko ata mugambi afise wo kugendera Ubushinwa mur’urwo rugendo, Ubushinwa buzwi ko bufise uruhara rwa mbere mur’ayo matati.

Ku musi wa gatanu, Carter yamenyesheje ko ibihugu vyo mu karere ka Aziya na Pasifike bibandanya bishikiriza amakenga bifise bivanye n’inyifato y’igikenye ya gisirikare y’Ubushinwa.

Umushikiranganji Carter yamenyesheje ko naho hari ibintu Amerika n’Ubushinwa bitumvikanako, abategetsi ba Reta ya Amerika biyemeje gukorana n’ivyo bihugu ku buryo badahungabanya umutekano mur’ako karere.

XS
SM
MD
LG