Uko wahagera

Siriya: Igitero Simusiga Ku Barwanya Leta


Abasirikare ba Leta ya Siriya
Abasirikare ba Leta ya Siriya

Igisirikare ca Siriya kiriko citegura kugira igitero gikomeye gifatanije n’indege z’Uburusiya, igitero kigamije kwigarurira igisagara ca Aleppo kiri mu buraruko bwa Siriya.

Ivyo vyashikirijwe ejo kuwa mungu n’itororokanirizo ry’amakuru ryo mu Burusiya ryitwa Interfax.

Ayo makuru amenyesha ko umushikiranganji wa mbere wa Siriya Wael al-Haiqi yatangaje ko ico gitero kigamije kwigarurira ico gisagara no kuzibira imigwi yose y’abarwanyi itifatanije n’iyindi kuja mu biganiro vyo guhagarika intambara vyabaye mu kwezi kwa kabiri.

Umushikiranganji Haiqi amenyesha kandi ko kwigarurira ico gisagara ca Aleppo bizotuma abasirikare ba leta ya Siriya begereza ikindi gisagara ca Deir Ezzo kiri mu minwe y’umugwi wa leta ya Kiyisilamu.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ritangaza ko abantu bashika ibihumbi 250 bamaze gupfa kuva intambara yo muri Siriya itanguye mu mwaka w’2011.

Amashirahamwe arwanira agateka ka muntu nayo amenyesha ko abashika imiliyoni zine bamaze guteshwa izabo bivuye kur’iyo ntambara.

XS
SM
MD
LG