Uko wahagera

Ubuhindi: Umuriro Wahitanye Abashika 100


Abantu Bakoraniya ku Nyubakwa y'Urusengero rwahitanywe n'umuriro ruri ahitwa Kollam mu Bumanuko bwa leta ya Kerala, mu Buhindi.
Abantu Bakoraniya ku Nyubakwa y'Urusengero rwahitanywe n'umuriro ruri ahitwa Kollam mu Bumanuko bwa leta ya Kerala, mu Buhindi.

Mu gihugu c’Ubuhindi, abantu bashika 100 barapfuye abandi baharurwa mu majana barakomereka mw’isanganya ry’umuriro wadutse mu rusengero ruri muri leta ya Kerala iri mu bumanuko bw’ico gihugu.

Ivyo vyabaye mu gatondo ka kare ku musi wa mungu aho bariko bahimbaza umusi mukuru w’idini uba uko umwaka utashe mur’ico gihugu.

Igisirikare c’Ubuhindi kimenyesha ko kiri mu bikorwa vyo gufasha kutwara abakomeretse n’abaturiwe n’uwo muriro kwa muganga.

Abategetsi b’Ubuhindi bamenyesha ko amatohozwa yatanguye kugira bamenye icateye uwo muriro.

Leta ya Kerala irimwo amasengero atari make, urwo rusengero rwahiye rwubatswe ku kibanza abanyagihugu baho bemeze ko imana zabo zahora zibabonekera haraciye ibinjana bitari bike.

XS
SM
MD
LG