Uko wahagera

Siriya: Umunyamerika Yari Yanyurujwe Yarekuwe


Umumenyeshamakuru, Kevin Patrick Dawes
Umumenyeshamakuru, Kevin Patrick Dawes

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bwatangaje ku musi wa gatanu kw’Uburusiya bwagize uruhara mu kworohereza irekurwa rya Kevin Patrick Dawes, umunyamerika yari apfunzwe n’abategetsi b’igihugu ca Siriya.

Ubwo bushikiranganji bumenyesha kw’abategetsi ba Amerika bavugana n’abategetsi ba Siriya ku vyerekeye Kevin Patrick Dawes.

Icegera c’umuvuguzi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika, Mark Toner amenyesha ko bashima utwigoro tw’Uburusiya ku bijanye n’abanyemrika bapfungiwe muri Siriya.

Toner avuga ko Repubulika y’aba Czech nayo nyene yagize uruhara mu biganiro n’abategetsi ba Reta ya Siriya. Ico gihugu caserukiye inyungu za Amerika muri Sisiya kuva Amerika yugaye Ambasade yayo i Damas mu mwaka w’i 2012.

Kevin Patrick Dawes, umumenyeshamakuru afata amasanamu, ava mu gisagara ca San Diego, yanyurujwe igihe yari muri Siriya mu mwaka w’i 2012.

Irekurwa ryiwe inyuma y’amezi atari make y’ibiganiro vyemejwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika, John Kirby.

Amenyesha ko Amerika iriko ibandanya gukora ibishoboka vyose kugira ibohoze abandi banyamerika bavurwa ko irengero ryabo ritazwi canke bafatiwe muri Siriya.

XS
SM
MD
LG