Uko wahagera

Ibikorwa vya Gisirikare vy'Ubushinwa Biteye Impungenge


FUmushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ash Carter
FUmushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ash Carter

Umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ash Carter avuga ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zifise amakenga akomeye ku bikorwa vy’igihugu c’Ubushinwa mu karere karimwo amatati k’igice c’ibahari kiri mu bumanuko bw’igihugu.

Mw’ijambo ku mutekano mu karere ka Asiya, yashikirije ku musi wa gatanu i New York, Carter avuga ko ibihugu vyo mu karere ka Asiya na Pasifike biriko vyerekana amakenga yavyo ku bikorwa vya gisirikare vy’Ubushinwa, avuga ko bikomeye. Amenyesha kw’ivyo bihugu vyashikirije impungenge zavyo Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Umushikiranganji Carter avuga ko naho hari ibintu Amerika n’Ubushinwa bitumvikanako, abategetsi ba Reta ya Amerika biyemeje ku vyerekeye gukora ku buryo badahungabanya umutekano mu karere ka Asiya na Pasifike.

Asha Carter yamenyesheje kw’umugambi wa Amerika w’ugushira uburyo bw’ukwivuna ibitero vy’amamisile muri Koreya y’efo uzoshirwa mu bikorwa, naho Ubushinwa bubirwanya.

Atangaza kw’ubwo buryo bukenwe kugira bikingire inteko za Amerika n’ibihugu bicuditse na Amerika. Avuga ko ata sano bifitaniye n’Ubushinwa.

XS
SM
MD
LG