Uko wahagera

USA: Reta ya Kiyisalamu Iriko Iratsindwa


Intagondwa z’umurwi witwa Reta ya kiyisilamu ziriko ziratakaza ibice zari zigaruriye mu gihugu ca Iraki.

Abategetsi b’uwo murwi n’abarwanyi bawo bariko baricwa, mu gihe abanywanyi b’uwo murwi bariko baratakaza umwizero.

Ivyo vyatangajwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, John Kerry. Uyu mushikiranganji yagize urugendo rw’umwanya mutoyi muri Iraki uno musi ku wa gatanu mu biganiro n’abategetsi b’ico gihugu. Yemeye kw’urunani ruyobowe na Amerika rurwanya umurwi witwa Reta ya kiyisilamu ruzokorana n’abategetsi ba Iraki mu kwongereza urugamba kuri uyo murwi mu ndwi n’amezi biri imbere.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, John Kerry, yagiye muri Iraki avuye muri Bahrain, mu rugenndo rwa mbere agize muri Iraki kuva mu mwaka w’i 2014.

Yabonanye n’umushikiranganji wa mbere, Haider al-Abadi, n’umushikiranganji wa mbere w’intara ya Kurdistani, Nechivran Barzani, imbere yuko aha ikiganirta abamenyeshamakuru.

John Kerry avuga ko ata bitero umurwi witwa Reta ya kiyisilamu uragira mu kiringo c’amezi atari make. Avuga kw’uwo murwi watakaje ibice birenga mirongo ine kw’ijana vy’ubutaka wigeze kuba warigaruriye.

XS
SM
MD
LG