Uko wahagera

Papa Faransisiko Asaba Koroherana mu Bakristu


Papa Faransisiko
Papa Faransisiko

Papa Faransisiko yasavye kwemera Abakatolika badakwije ivyo Ekleziya Katolika isaba nk’abatandukanye canke abarondera kusubira kwubaka.

Mu rwandiko rw’impapuro amajana abiri na mirongo itandatu Vatikano yasohoye ku wa gatanu, Papa Faransisiko avuga ata muntu numwe yocirwa ivomo ubutagisubira inyuma, kuko ivyo sivyo biri mw’ijambo ry’imana.

Urwo rwandiko rwihweza ibibazo bitandukanye vyerekeye imibobano mpuzabitsina n’ukwubaka. Urwo rwandiko rwatunganijwe inyuma y’inama z’Abepisikopi b’Abakatolika bahuye kugira baganire ibibazo vyo mu miryango mu mwaka w’i 2014 n’umwaka w’i 2015.

Inyigisho z’Abakatolika zo muri iki gihe ntizirekurira ku buryo butomoye Abakatolika gusangira, gusubira kwubaka navyo bishoboka gusa mu gihe ukwubaka kwa mbere gufuswe.

Papa ntiyasohoye itegeko rishasha rigenga ivy’ukwubaka ku Bakatolika.

Abitegereza ibintu bavuga ko urwandiko rwa Vatikano rudatangaza ku buryo bugaragara kw’Abakatolika batandukanye bashobora gusangira, yamara Ekleziya Katolika ishobora kwihweza ikibazo kimwe kimwe ukwaco.

Umwungeri wa Ekleziya Gatolika yatangaje ko abantu botegerezwa kwubaha abakundana n’abo basangiye ibitsina, yamara ntiyahinduye aho Ekleziya Katolika ihagaze ku vyerekeye ukwubakana hagati y’abantu basingiye ibitsina.

Ku vyerekeye gukoroza inda, Papa Faransisiko avuga ata burenganzira ku mubiri w’umuntu bushora guha insinguro ingingo y’ukwica ubuzima.

XS
SM
MD
LG