Uko wahagera

Amerika Yifatanije n'Abanyarwanda Kwibuka


Perezida wa Leta zunze ubumwe z’Amerika amenyesha ko yifatanije n’abanyarwanda mu kwibuka imyaka 22 irangiye habaye ihonyabwoko mu Rwanda.

Ihonyabwoko ryamaze imisi ijana ryahitanye abashika ibihumbi 800 bagizwe n’abagabo, abagore hamwe n’abana.

Perezida Obama avuga ko yifatanije n’abanyarwanda mu mubabaro barimwo, agashima ko u Rwanda rwateye intambwe naho rwaciye mur’ivyo bihe bigoye.

Amenyesha ko Amerika n’abanyagihugu bayo bazobandanya kwagura ubucuti n’imigenderanire n’u Rwanda hatibagiwe gukinga ngo ntihagire ubundi bwicanyi kivunga buba no gukora kugira agateka ka buri muntu wese mur’ico gihugu kubahirizwe.

XS
SM
MD
LG