Uko wahagera

Siriya: ISIS Yaranyuruje Abantu 300


Mu gihugu ca Siriya abantu amajana atatu bakora mw’ihinguririo rikora isima baranyurujwe n’umugwi w’iterabwoba wa leta ya Kiyisilamu mu buraruko bushira ubuseruko bw’umurwa mukuru Damasi.

Ibinyamakuru muri Siriya bimenyesha ko abo bantu banyururijwe mu gisagara ca Dumeir bakorera ihinguriro rihingura isima ryitwa Al Badia.

Abanyagihugu bo mur’ako kerere bamenyesha ko abo bakozi banyurujwe ku musi wa mbere.

Mu ntango z’iyi ndwi umugwi w’iterabwoba wa leta ya Kiyisilamu waragavye igitero ku birindiro vy’abasirikare ba Siriya biri ahitwa Dumeir, bihitana abasirikare 12.

Igisagara ca Dumeir cagabuwemwo ibice bibiri, igice co mu buseruko kigenzurwa n’umugwi wa leta ya Kiyisilamu mugihe uburengero bugenzurwa n’abarwanya leta ya Siriya.

Ariko ibirindiro bitari bike mur’ako karere harimwo n’ikibuga c’indege ca gisirikare bigenzurwa na leta ya Siriya.

XS
SM
MD
LG