Perezida wa Sudani Omar al-Bashir amenyesha ko yiteguye kuva k’ubutegetsi igihe ikiringo ciwe kizoba kirangiye, n’ukuvuga mu myaka ine iri imbere.
Mu kiganiro yahaye radiyo BBC yo mu Bwongereza kuwa kane, Bashir yavuze ko mu mwaka w’2020 igihugu ca Sudani kizoba kiramutswa uwundi mukuru w’igihugu mushasha.
Bashir, ubu afise imyaka 72 y’amavuko, n’umwe mu bakuru b’ibihugu vya Afrika bamaze imyaka myinshi k’ubutegetsi. Yatanguye gutwara kuva mu mwaka w’ 1989 atembagaje leta yariho ico gihe.
Perezida Bashira aronderwa na sentare mpuzamakungu imwagiriza ivyaha vyo mu ntambara n’ivyaha vy’ihonyabwoko.
Ivyaha yagirizwa ko yakoze mu ntambara yo mu ntara ya Darfur yahitanye abantu bashika ibihumbi 300, mugihe imiliyoni zibiri n’igice bataye ingo zabo.