Uko wahagera

Ububiligi Ntibwatsinzwe n’Abagira Iterabwoba


Umushikiranganji wa mbere w’Ububiligi amenyesha ko ubuzima mur’ico gihugu buriko burasubira ukwo bwari imbere y’ibitero vyabereye ku kibuga c’indege c’I Buruseli no ku gituro ca metro, ibitero vyahitanye abantu bashika 32 bikomeretsa n’abatari bake.
Charles Michel aremeza ko igihugu ciwe cakoze amakosha mu kurwanya amacakubiri ariko arahakana ivyo Ububiligi bunebagurwa ko ar’igihugu kidafise ubushobozi bwo kurwanya ibikorwa vy’iterabwoba.

Michel yisigura avuga ko n’ibindi bihugu biri mu rugamba rwo kurwanya iterabwoba bishika aho binanirwa ahandi bikanesha.

Atanga akarorero k’ivyabaye muri leta zunze ubumwe z’Amerika aho vyafashe imyaka cumi kugira bice Osama Ben Laden yari arongoye ibitero vy’iterabwoba vyabaye mu kwezi kwa cenda mwaka w’2001 muri Amerika.

Amatohozwa yerekanye ko hari isano hagati y’ibitero vy’I Buruseli vyo kuwa 22 ukwezi kwa gatatu hamwe n’ivyabaye I Paris, vyose vyakozwe n’umugwi w’iterabwoba wa leta ya Kiyisilamu.

XS
SM
MD
LG