Uko wahagera

Inteko za Tanzaniya muri RDC Ziregwa Gufata Abakenyezi


Abasirikare ba Tanzaniya bo mu nteko za MONUSCO
Abasirikare ba Tanzaniya bo mu nteko za MONUSCO

Ico gihugu ca Tanzaniya kimenyesha ko kigiye gukora amatohozwa akomeye ku vyagiriji vyagirizwa abasirikare baco bari mu nteko za ONU za MONUSCO. Izo nteko zagiye kugarukana amahoro muri Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo zagirizwa gushurashuza abakenyezi ku nguvu.

Ivyo vyashikirijwe n’abategetsi ba Tanzaniya kuwa kabiri.

Abasirikare ba Tanzaniya ni bamwe mu nteko za ONU ziharurwa ku bihumbi 18 bari muri Repubulika iharanira demokarasi ya Kongo kugarukana amahoro, bakorera mu buseruko bw’ico gihugu mu ntara ya Beni iri muri Kivu y’uburaruko.

Ku musi wa gatanu uheze, igisata ca MONUSCO catangaje ko cashikirijwe ibirego bishika 11 vy’abasirikare ba Tanzaniya bafashe abakenyezi ku nguvu.

Abo bakenyezi bose uko ari 11 ayo makuru avuga ko basamye inda, abana 7 baramaze kuvuka, abandi bakenyezi bane baracibungenze.

XS
SM
MD
LG