Uko wahagera

Uganda: Kizza Besigye Yasubiye Guhagarikwa


r Kizza Besigye, umunyepolitike atavuga rumwe na Reta ya Uganda yasubiye guhagarikwa
r Kizza Besigye, umunyepolitike atavuga rumwe na Reta ya Uganda yasubiye guhagarikwa

Umunyepolitike atavuga rumwe na reta y’igihugu ca Uganda, Kizza Besigye vyari Vyitezwe ko yidegemvya muri iyi ndwi.

Apfunzwe icamaso kuva amatora y’umukuru w’igihugu abaye kw’italiki 18 z’ukwezi kwa kabiri.

Yamara amasaha makeyi inyuma yuko avuye imuhira iwe uno musi ku wa kabiri, yasubiye guhagarikwa.

Abategetsi b’igihugu ca Uganda babwiye Besigye ko ashobora kuja mu masengesho ku cicaro c’umugambwe wiwe, uno musi ku wa kabiri.

Nkuko bisanzwe abantu isinzi baje ku musanganira. Abamushigikiye bamuherekeje kuva ku nkengera z’umurwa mukuru, Kampala, gushika igihe yinjira mu gisagara.

Inyuma yuko ahagaritswe, yajanywe kuri sitasiyo y’igipolisi hanze y’umurwa mukuru, Kampala. Umuvugizi w’igipolisi avuga ko yagirijwe ko yagize uruhara mu myiyerekano itarekuriwe n’amategeko.

Besigye yahagaritswe incuro zitari nke mqu gihe c’imbere y’amatora yo kw’italiki 18 z’ukwezi kwa kabiri. Yapfunzwe icamaso mu kiringo c’ukwezi n’igice inyuma y’amatora.

Ihagarikwa rya Besigye uno musi ku wa kabiri ribaye imisi itatu inyuma yuko umutegetsi mukuru w’igipolisi ategetse abajejwe umutekano kuva hanze y’i muhira iwe.

XS
SM
MD
LG