Uko wahagera

Abanyafrika Mu Banyegeje Amafaranga


Inzandiko z’amabanga z’amabanki zitari nke zashizwe ahabona zizwi kw’izina rya, “Panama Papers” zirerekana amwe mu mazina y’abantu bakomeye cane mu karere ka Afrika, bakoresheje amabanki yo mu mahanga hamwe n’ubundi buryo kugira banyegeze amafaranga mu ntumbero yo gudatanga amatagisi, canke kugira amafaranga yabo ntahagarikwe kubera ibihano bafatiwe.

Izo nzandiko, zerekana ukugene abanyepolitike 143, barimwo abategetsi b’ibihugu cumi na bibiri bakoresheje amabanki yo mu mahanga hamwe guhisha ayo mafaranga.

Bamwe mu Banyafrika bari muri izo nzandiko barimwo umwishwa wa perezida wa Afrika y’epfo, Jacob Zuma, mushiki wa perezida wa Repubulika iharanira demokrasi ya Congo, Joseph Kabila, uwahoze ari bulamatari w’intara ya Delta itunze ibitoro muri Nigeriya muri iki gihe apfunzwe n’umushikiranganji ajejwe igisata c’ibitoro muri Angola.

Stanley Achonu, ayoboye ishirahamwe rijejwe kworohereza abanyagihugu basanzwe kwumva ivyerekeye amafaranga Reta ya Nigeriya ikoresha, avuga ko amabanga yashizwe ahabona yemeza ivyo Abanyafrika bamaze igihe bazi ku bikorwa vya bamwe mu bategetsi babo, ko bakoresha amakonte mu mabanki yo mu mahanga kugira banyegeze amafranga ya Reta yasahuwe.

Amenyesha kw’ivyo atari ibintu bishasha. Yamara avuga ko kuronka ivyemezo vy’inzandiko bifasha kwemeza ivyo abantu bari bumvise muri kahise.

Abandi Banyafrika amazina yabo ari mu nzandiko z’amabanga zashizwe ahabona barimwo icegera c’umutegetsi mukuru ajejwe ubutungane muri Kenya, Kalpana Rawal, n’umupfakazi wa Lansana Conte yahoze ari perezida w’igihugu ca Guinee, Mamadie Toure.

Umuhungu wa Kofi Annan yahoze ari umunyamabanga amukuru w’ishirahamwe O-N-U nawe nyene izina ryiwe riri mu nzandiko zashizwe ahabona, co kimwe n’umuhungu wa Hosni Mubarak yahoze ari perezida w’igihugu ca Misiri, na Ian Stuart Kirby, umukuru wa sentare yungururizwamwo imanza muri Bostwana na Attan Shansonga yahoze ari Ambasaderi w’igihugu ca Zambiya muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

XS
SM
MD
LG