Uko wahagera

Koreya ya Ruguru Ibandanya Gutera Impungenge


Perezida, Barack Obama, mu nama ku mutekano ku bijanye n'ibirwanisho n'ubuhinga bwa nucleiare, iriko ibera i Washington.
Perezida, Barack Obama, mu nama ku mutekano ku bijanye n'ibirwanisho n'ubuhinga bwa nucleiare, iriko ibera i Washington.

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama yatangaje uno musi ku wa gatanu, kw’amasezerano yerekeye ibirwanisho ruhonyanganda n’igihugu ca Irani yagize akamaro.

Mw’ijambo yashikirije mu nama y’abategetsi b’ibihugu bitanu ntabanduka bigize urwego rw’ishirahamwe O-N-U rujejwe kwubahiriza amahoro n’umutekano kw’isi n’igihugu c’Ubudagi ku musi ugira kabiri ariwo wa nyuma w’inama ku mutekano ku bijanye n’ibirwanisho ruhonyanganda, perezida Obama avuga ko kubandanya gushira mu bikorwa amasezerano n’igihugu ca Irani bizosaba ukubandanya gukorana kw’amakungu.

Inama ya kane ari nayo ya nyuma ya prezida Obama ku mutekano ku bijanye n’ibirwanisho n’ubuhinga bwa nucleaire ibaye mu gihe hari amakenga akomeye ku vyuko abarwanyi b’umurwi witwa, Reta ya ki Islamu, bashobora kugira ibitero bakoresheje ibirwanisho ruhonyanganda, n’impungenge ku migambi ya Koreya ya ruguru y’ugukora ibirwanisho ruhonyanganda.

Intumwa ikomeye ya Koreya ya ruguru yabwiye itororokanirizo ry’amakuru, Reuters, uno musi ku wa gatanu, kw’abategetsi ba Koreya ya ruguru bazobandanya umugambi wabo werekeye ibirwanisho ruhonyanganda na misile balistike, mu kuvuga kw’ikigobe ca Koreya gisa n’ikiri mu ngwano.

Ku musi wa kane, prezida Obama yaragiranye imibonano itari mike n’abategetsi batari bake amasaha makeyi imbere y’amakuru yuko Koreya ya ruguru yageregeje iyindi misile balistike.

Yarabonanye na perezida wa Koreya y’epfo, Park Geun-hye n’umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubuyapani, Shinzo Abe, kugira baganire ibibazo biterwa na Koreya ya ruguru inyuma yuko ico gihugu kigerageje mu kwezi kwa mbere ibirwanisho ruhonyanganda na misile balistike.

XS
SM
MD
LG