Uko wahagera

Turukiya: Ibombe Yishe Abapolisi 6


Abapolisi batandatu ba Turukiya barishwe bahitanywe n’ibombe yatezwe mu muduga abandi bantu bashika 23 barakomereka ku musi wa kane.

Ico kibombe caturikye mu gisagara ca Diyarbakir kigwiriyemwo aba Islamu bo mu bwoko bw’aba Kurde.

Amakuru atangwa n’ibimenyamakuru vyo muri Turukiya avuga ko ico kibombe caturitse igihe imodoka y’igipolisi yari irenganye ku gituro c’aba bus.

Gushik’ubu nta muhari n’umwe uriyitirira ico gitero.

Ico gitero kije gikurikira icabaye italiki 17 z’ukwezi kwa kabiri cahitanye abashika 29 bagwiriyemwo abasirikare hamwe n’icabaye italiki 13 z’uku kwezi kwa gatatu kurangiye cahitanye abantu bashika 37 gikomeretsa abashika 36.

XS
SM
MD
LG