Uko wahagera

Obama Arabonana na Erdogan


Prezida wa Amerika, Barack Obama
Prezida wa Amerika, Barack Obama

Vyitezweko prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama, abonana na prezida wa Turkiya, Recep Tayyip Erdogan uno musi ku wa kane ku muhingamo.

Ikibazo cerekeye urugamba rw’ukurwanya iterabwoba nico kiza gushimikirwako.

Icegera c’umuhanuzi ku bibazo vyerekeye umutekano w’igihugu mu biro kwa prezida, Ben Rohdes, avuga ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zishaka kuronka umwanya w’ukuganiro uno musi ku muhingamo kubera ibibazo bitoroshe bitari bike Amerika na Turkiya bihanganye navyo.

Prezida wa Tukriya, Recep Tayyip Erdogan ari i Washington mu nama ku mutekano ku bijanye n’ibirwanisho ruhonyanganda.

Mu gitondo c’uno musi ku wa kane, icegera ca prezida wa Amerika, Joe Biden yabonanye na prezida Erdogan i Washington.

Abategetsi b’igihugu ca Turkiya, berekanye ko badashimishijwe n’ukutumvikana hagati ya Amerika n Turkiya ku kibazo c’abarwanyi b’Abakurde bo muri Siriya.

Amerika ibabona ko bafise uruhara rukomeye mu kurwanya umurwi w’intagondwa witwa, Reta ya ki Islamu mu buraruko bwa Siriya.

Yamara Turkiya ivuga ko bakorana n’umurwi w’iterabwoba, PKK, urwanira ubwigenge bw’ubumanuko bushira ubuseruko bwa Turkiya.

XS
SM
MD
LG