Uko wahagera

La Haye: Vojislav Seselj Yambitswe Izera


Ibyaha by'intambara byo muri Serbia
Ibyaha by'intambara byo muri Serbia

Sentare mpanavyaha y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yambitse izera umutegetsi w’Umunyaserbiya, Vojislav Seselj, ku vyaha vyose vyo mu ngwano n’ivyaha bityoza agateka ka muntu yagirizwa ku bijanye n’ingwano zo mu karere ka Balkan zo mu myaka y’i 1990.

Seselj, afise imyaka mirongo itandatu n’umwe, yagirijwe ubwoko bw’ivyaha icenda n’abashikirizamanza muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha y’i La Haye. Muri ibyo harimwo kugandagura, gufata bunyamaswa n’ugutoteza abantu mu ngwano zifatiye ku bwoko zatewe n’isenyuka ry’icahoze citwa Yougoslaviya.

Umucamanza mukuru wa sentare mqpuzamakungu mpanavyaha, Jean-Claude Antonetti mu gusoma urubanza ku musi wa kabiri, yatangaje ko Vojislav Seselj muri iki gihe ari umwere.

Yatangaje ko abashikirizamanza batashoboye kwerekana ivyemezo bihagije mu rubanza rwiwe rwabaye hagati y’umwaka w’i 2007 n’umwaka w’i 2012.

Seselj ntiyari muri sentare igihe urubanza rwiwe rwasomwa.

Yishikirije sentare mpuzamakungu mpanavyaha mu mwaka w’i 2003. Yamara yararekuriwe gusubira muri Serbiya mu kwezi kw’icumi ba rimwe mu mwaka w’i 2014 kwivuza kanseri yo mu mahaha.

Yaranse kugaruka i La Haye kwumviriza issomwa ry’urubanza rwiwe.

Seselj ategekanya kwitoza kuba umushingamateka mu matora yimirije kuba nk’umutegetsi w’umugambwe w’intagondwa z’Abaserbe.

XS
SM
MD
LG