Uko wahagera

Somaliya: Abantu Batandatu Bishwe n'Umwiyahuzi


Abantu batandatu bishwe, igitigiri kitazwi c’abandi barakomereka igihe umyiyahuzi yari afise bombe yiturisa na bombe mu gisagara ca Galkayo muri Somaliya.

Ivyabona babwiye Ijwi ry'Amerika, Serivisi y’Igisomali kw’uwo mwiyahuzi yahobeye umutegetsi ajejwe ivy’amafranga yarondera, Said Ali Yusuf, imbere yuko yituritsa na bombe, ahitana uwo mutegetsi n’abandi bantu batanu. Umurwi al-Shabab wiyitiriye ico gitero.

Abategetsi bajejwe umutekano mu gisagara ca Galkayo, mu ntara ya Puntland, babwiye Ijwi ry'Amerika ko bataye mu mvuto abantu batari bake bifatiye kuri ico gitero.

Ico gitero kibaye umusi umwe inyuma yuko abantu bitwaje ibirwanisho bishe abantu batandatu harimwo Abanyaturukiya mu gitero c’abantu bari mu modoka cabereye ku murwa mukuru wa Somaliya, Mogadisho.

XS
SM
MD
LG