Uko wahagera

ONU Isabira Ubuhungiro Impunzi z’Abanyesiriya


Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU cita ku mpunzi HCR gitera akamo amakungu ngo ahe ubuhungiro impunzi z’abanyesiriya ziharurwa ku muliyoni n’igice.

HCR yabisavye abaserukiye ibihugu birenga 90 bari bitavye inama y’abashikiranganji yabereye kuwa gatatu I Jeneve mu bu Suwisi.

Ibihugu bibanyi na Siriya nivyo vyikoreye umutwaro w’impunzi zatewe n’intambara yo muri Siriya. Ivyo bihugu vyahaye indaro impunzi imiliyoni zine n’ibice umunani.

HCR isaba ibindi bihugu gufasha kwikorera uyo mutwaro.

Ikibazo c’impunzi zo muri Siriya kibaye ikibazo gikomeye kibaye kuva intambara ya kabiri y’isi irangiye. HCR imenyesha ko yizigiye ko ibindi bihugu bizemera gufasha mur’iyi nama. Ivuga ko ar’ikibazo c’isi gikeneye umuti w’isi.

XS
SM
MD
LG