Yashikirije ubwa mbere umugambi w’uguhindura ibwirizwa shingiro inyuma y’ibitero vy’iterabwoba vyabaye mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka uheze mu gisagara ca Paris.
Ivyo bitero vyahitanye abantu ijana na mirong' itatu, abandi barenga amajana atatu na mirong' itanu barakomereka; yamara inama nshingamateka n’inama nkenguzamateka vy’Ubufaransa, ntivyashoboye kwumvikana kur' uyo mugambi.
Prezida w’Ubufransa, Francois Hollande yatangaje uno musi ku wa gatatu ko yarikw'agerageza gutsimbataza ubumwe mu gihugu n’ukwerekana kw’igihugu citeguriye kwishura kw’iterabwoba.
Umugambi wa prezida Hollande wararwanijwe n’abafise ubwoba ko wari kurenganya aba Islamu.
Umushikiranganji ajejwe ubutungane yatanze imihoho mu kwezi kwa mbere inyuma yuko yiyamirije umugambi wa prezida Hollande.