Uko wahagera

Burundi: Bafashwe Bitwaje Ibigwanisho mu Kanyosha


Abantu baregwa ko bahora ar'abagwanyi
Abantu baregwa ko bahora ar'abagwanyi

Abo bantu bafashwe n’abajejwe umutekano mu gitondo c’uyu musi wa gatatu.

Abantu babiri mu bari bagize imisi bibisha inkoho mu duce twa Kirombwe na Mirama muri zone Muyira, komine Kanyosha, mu ntara ya Bujumbura, bafashwe n’abajejwe umutekano mu gitondo c’uyu musi wa gatatu.

Mu gihe hari bamwe mu banyagihugu bo mur’ayo mazone bibaza kw’abo bibisha inkoho ar’ umurwi ugwanya Reta uriko uravuka, mu ntwaro, bemeza kw’abo bantu ar’ umurwi w’abasuma.

Abanyakirombwe basaba ko hofatwa ingingo z’umutekano kugira ako kagwi k’abitwaje ibigwanisho gatuzwe ngaho mu Kirombwe.

Mushobora kwumviriza inkuru y’umumenyeshamakuru w’Ijwi rya Amerika, Evariste Nzikobanyanka.

please wait

No media source currently available

0:00 0:02:48 0:00

XS
SM
MD
LG