Uko wahagera

USA: Imiryango y’Abasirikare Baba muri Turukiya Izimurwa


Leta zunze ubumwe z’Amerika yategetse ko imiryango y’abasirikare bayo bari mu gice co mu bumanuko bwa Turukiya bavayo kumvo z’umutekano.

Iyo ngingo yafashwe na deparotema yo kwivuna abansi muri Amerika isaba abantu bashika 670 bagizwe n’imiryango y’abasirikare ba Amerika bari muri Turukiya kuva mu bice vya Incirlik ahari ikibuga c’indege z’Amerika, I Ismir, n’ahitwa Mugla.

Iyo ngingo ariko ntizofata imiryango y’abasirikare iri mu bisagara vya Ankara na Istanbul, aho nyene muri Turukiya.

Umuvugizi wa deparotema yo kwivuna abansi muri Amerika Peter Cook yamenyesheje ku musi wa kabiri ko iyo ngingo idafashwe ngo nuko bagira bagirweko ibitero, ariko ngo n’ugukinga kuko ntawuzi icoshika mu nyuma.

Iryo tangazo ryasohowe haheze amasaha make umuhanuzi muvy’umutekano mu gihugu mubiro vya perezida Susan Rice hamwe na Sekereteri wa leta w'Amerika John Kerry babonanye n’umushikiranganji wa Turukiya w’imigenderanire n’ayandi makungu, Mevlut Cavusoglu.

XS
SM
MD
LG