Uko wahagera

Burundi: Abashingamateka Bafuswe Burundu


Agathon Rwasa, Visi-Perezida w'inama nshingwamateka y'Uburundi
Agathon Rwasa, Visi-Perezida w'inama nshingwamateka y'Uburundi

Ingingo iherutse gusohorwa na sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi ivuga ko abo bashingamateka batagifise uburenganzira bwo guserukira abanyagihugu. Iyo sentare yisunga ingingo zibiri.

Iya mbere ni iy’i 156 y’ibwirizwa nshingiro ivuga ko umushingamateka canke umukenguzamateka atakaza ikibanza ciwe mu gihe yitavye Imana, atanze imihoho canke naho asivye ica kane c’ibikorwa vy’inama nshingamateka mu kiringo c’amezi atatu session ordinaire mu gifaransa.

Ingingo ya kabiri yisunzwe na sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro ni i’iyijana na cumi na kane yo mw’itegeko rigenga amatora ryo mu mwaka w’i 2014. Nayo nyene ivuga nk’iyambere ikongerako ko ibiro vy’inama nshingamateka bimaze kubona k’umushingamateka amaze gukwiza iyo misi atitaba bifise uburenganzira bw’ukwitura sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro kugira asubirizwe.

Iyo ngingo nyene imenyesha ko uwo mushingamateka aca asubirizwa buno nyene sentare ntahinyuzwa isohoye icegeranyo cayo.

Abashingamateka begwa n’iyo ngingo harimwo babiri bahoze ari ivyegera vya mbere vy’umukuru w’igihugu ku ntwaro ya Perezida Nkurunziza. Nabo ni Bernard Busokoza na Yves Sahinguvu.

Nahabo bashingamateka batatangajwe n’ingingo yafashwe na sentare yubahirizwa ibwirizwa nshingiro hari abibaza ko bahemukiye abanyagihugu babizeye bakabaha amajwi.

Mu mategeko, iyo umushingamateka akuwe canke afuswe mu nama nshingamateka ategerezwa gusubirizwa n’uwundi wo mu mugambwe wiwe nyene, bava mu ntara imwe, basangiye ubwoko n’igitsina.

Mu matora y’umwaka w’i 2015 naho urunani Amizero y’abarundi rwari ruhurikiyemwo umugambwe Uprona utemewe n’ubutegetsi na FNL yigenga ya Agathon Rwasa rwari rwavuze ko rutagiye mu matora umugwi w’igihugu ujejwe amatora CENI warahaye amanota urwo runani usigura ko abanyagihugu barutoye.

Mu nama nshingamateka urwo runani rwaronse intebe 30. Muri izo 19 ni iza FNL yigenga nayo 11 ni iza Uprona itemewe n’ubutegetsi.

Abashingamateka ba FNL yigenga bose baritavye ibikorwa vy’inama nshingamateka bayobowe na kizigenza wabo Agathon Rwasa yahavuye aba icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nshingamateka. Abo muri UPRONA ,batatu gusa nibo bemeye kuja mu nama y’amakoraniro mu kigobe.

Inama nshingamateka y’Uburundi ikaba igizwe n’abashingamateka 121. Ibice 30% bakaba ari abakenyezi nk’uko bitegekanijwe n’ibwirizwa nshingiro.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:33 0:00

XS
SM
MD
LG