Uko wahagera

Sudani na Sudani y'Epfo Ntibirabana Ryiza


Perezida wa Sudani Omar al-Bashir aragabisha Sudani y’epfo ko ashobora kwongera kwugara urubibe ivyo bihugu bihana mugihe Sudani y’epfo itohagarika gufasha abarwanya reta ya Sudani.

Igihugu ca Sudani y’epfo cari casubiye kwugurura urubibe gihana na Sudani mu kwezi kwa mbere inyuma y’aho cari carwugaye mu mwaka w’2011.

Sudani yagiriza Sudani y’amaj’epfo ko gifasha mu ntambara ibera mu ntara ya Darfur, muri Blue Nile no muri reta ya Kordofan.

Ariko Sudani y’epfo irahakana ivyo vyagiriji.

XS
SM
MD
LG