Uko wahagera

Ububiligi: Abantu 3 Batawe mu Mvuto Bifatiye kw' Iterabwoba


Ikibanza c'ukwibukiramwo abaherutse guhitanwa n'ibitero vy'iterabwoba i Bruxelles
Ikibanza c'ukwibukiramwo abaherutse guhitanwa n'ibitero vy'iterabwoba i Bruxelles

Abashikirizamanza mu Bubiligi bavuga ko abantu batatu batawe mu mvuto mu gikorwa c’ukurwanya iterabwoba mu gisagara ca Bruxelles.

Ivyo vyabaye inyuma y’ihagarikwa ejo ku musi wa kane ry’Umufransa mu karere ka Paris yikekwako yariko ategura igitero gishasha.

Ibiro vy’umushikirizamanza w’igihugu vyemeje mw’itangazo kw’ihagarikwa ry’abo bantu uno musi ku wa gatanu, ryabereye mu bice bitatu vy’umurwa mukuru, Bruxelles, Schearbeek, Forest na Saint-Gilles.

Iryo tangazo ryamenyeshaje kandi kw’abajejwe itohoza bakoresheje ibipimo vya DNA kugira bemenye ko Najim Laachraoui yari umwe mu biyahuzi yiturikije na bombe ku kibuga c’indege c’I Bruxelles ku musi wa kabiri. Laachraoui abonwa kandi ko yagize uruhara mu bitero vyabaye kw’italiki 13 z’ukwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka uheze i Paris aho abantu ijana na mirongo itatu bahasize ubuzima.

Umushikiranganji wa mbere w’Ububiligi, Charles Michel yiyamirije ugutanga imihoho kwashikirijwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati, Jan Jambon n’umushikiranganji w’ubutungane, Koen Geens.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa FReta Zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry ari i Bruxelles mu gihugu c’Ububiligi, mu biganiro n’abategetsi b’Ububiligi hamwe n’umukuru w’urwego nyobozi rw’umuryango w’ubumwe bw’Ubulayi, Jean-Claude Jancker ku bitero vy’i Bruxelles.

XS
SM
MD
LG