Uko wahagera

Kameruni: Abanyagihugu Ntibahuza ko Paul Biya Yosubira Kwitoza


Perezida Paul Biya wa Kameruni
Perezida Paul Biya wa Kameruni

Mu gihugu ca Kameruni, abanywanyi ba Perezida w’ico gihugu Paul Biya bariko bamusaba ko yokwongera kwitoza kurongora igihugu muyandi matora.

Abatavugarumwe nawe baciye bihereje amabarabara ejo kuwa kane bavyamirira kure mu kuvuga ko imyaka 34 amaze k’ubutegetsi ikwiye kugira abise abandi.

Perezida Paul Biya yahinduye ibwirizwa nshingiro ry’ico gihugu mu mwaka w’2008 akuramwo ibiringo vyo gutwara.

Perezida Biya afise imyaka 87, n’umukuru w’igihugu agira kabiri muri Afrika afise imyaka myinshi inyuma ya Perezida wa Zimbabwe Robert Mugabe.

Amatora y’umukuru w’igihugu muri Kameruni ategekanijwe mu mwaka w’2018.

Inyuma yaho habereye imigumuko muri Burkina Faso yakuye Blaise Compaore k’ubutegetsi mu mwaka w’2014, abatari bake bibaza ko abandi bakuru b’ibihugu barambiye k’ubutegetsi muri Afrika baca batinya bakabisa abandi.

Ariko siko vyagenze, akarorero n’akabaperezida nka Museveni wa Uganda na Denis Sassou Ngweso wa Kongo bongeye kwitoza kandi batahukana intsinzi.

Perezida Paul Kagame w’Urwanda na Perezida Idris Debi wa Chad nabo nyene biraboneka ko batiteze kubisa abandi vuba.

XS
SM
MD
LG