Uko wahagera

Iraki: Igitero ca Reta mu Mihana ya Mosul


Abasirikare badasanzwe bajejwe kurwanya iterabwoba muri Iraki
Abasirikare badasanzwe bajejwe kurwanya iterabwoba muri Iraki

Inteko z’igihugu ca Iraki, zifashijwe n’abarwanyi b’Abakurde b’Abapeshemerga

Bagize igitero mu mihana iri mu minwe y’umurwi witwa, Reta ya ki Islamu mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igisagara ca Mosul.

Brigade zibiri z’inteko za Iraki, zivuye muri Diviziyo ya 15 y’inteko zamenyerejWe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika nizo zagiye imbere muri ico gitero.

Abandi bari muri ico gitero n’abanywanyi b’amoko y’Abasuni, abasirikare bakuru b’Abapeshemerga bavuga ko bakenewe cane mu gikorwa c’ugushobora kugumya ibice bisanzwe ari ivy’Abasuni.

Ico gitero catanguriye mu gisagara ca Makhmour, aho abasirikare b’Abamarine b’Abanyamerika baherutse kwicirwa mu gitero ca rokete c’umurwi witwa, Reta ya ki Islamu.

Inteko z’igihugu ca Iraki zarakoraniye muri ako karere mu ndwi zirangiye.

Amakuru ava muri ako karere avuga ko indege z’ingwano z’urunani ruyobowe na Amerika zimaze imisi zitera amabombe muri mihana iri mu minwe y’umurwi witwa, Reta ya ki Islamu mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Iraki.

XS
SM
MD
LG