Johan Cruyff abonwa nk’umwe mu bakinyi ba mbere kirangiranwa b’umupira w’amaguru kw’isi, yitavye Imana uno musi ku wa kane ahitanywe n’indwara ya kanseri. Yari afise imyaka mirongo itandatu n’umunani.
Cruyff yamenyekanye cane igihe yakina nk’umusatirizi mu mirwi y’umupira w’amaguru ya Ajax wo mu Buholande na Barcelona yo muri Espagne. Yabaye umukinyi wa mbere mu karere k’i Bulaya incuro zitatu. Yatsinze ibikombe bitatu bikwirikirana vyo mu karere k’i Bulaya n’umurwi Ajax.
Yarabaye umumenyereza w’umurwi w’umupira w’amaguru, Bercelona aho batsinze igikombe co mu karere k’i Bulaya mu mwaka w’i 1992, afasha umurwi nserukiragihugu w’Ubuholande gushika mu gice ca nyuma c’igikombe c’isi yose co nmu mwaka w’i 1974, aho ico gihugu catsinzwe n’Ubudagi ibitsindo bibiri kuri kimwe.
Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ry’Ubuholande ritangaza ko ridafise amajambo y’ukuvuga ku buhombe butewe n’urupfu rwa Johan Cruyff.
Cruyff, yabazwe umutima mu mwaka w’i 1991, akaba yapimwe kanseri yo mu mahaha mu kwezi kw’icumi mu mwaka w’i 2015. Cruyff, yari umuntu anywa itabi, yamara yararihevye buno nyene inyuma yuko abazwe.
Mu kwezi kwa kabiri yari yatangaje ko azoruhira gutsinda iyo ngwara