Uko wahagera

Misiri: Abaharanira Agateka ka Muntu Barageramiwe


Ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n’amashirahamwe aharanira agateka kazina muntu basaba igihugu ca Misiri guhagarika itotezwa ico gihugu gikorera abaharanira agateka kamuntu.

Amashirahamwe ane mpuzamakungu arimwo Human Rights Watch na Amnesty International, yemenyesheje ko Misiri gikwiye kureka ingeso cihaye yo kwama carengukishije abaharanira agateka ka muntu mu butungane.

Ayo mashirahamwe kandi asaba ko Misiri yobasubiza uburenganzira bwabo bwo gusohoka igihugu babatse no kubareka bakagira uburenganzira ku matungo yabo hamwe n’ay’imiryango yabo.

Ayo mashirahamwe yagiriza abajejwe umutekano muri Misiri ko bafunga abantu bu buryo buteye kubiri n’amategeko, abandi bakabura irengero ryabo mugihe ababa baboshwe baborezwa igufa.

Sekreteri wa reta wa reta zunze Ubumwe z’Amerika yamenyesheje mu ndwi iheze ko muri Misiri ivy’agateka ka muntu atako vyifashe.

XS
SM
MD
LG