Umwe mu bantu babonwa ko ari abiyahuzi bagize ibitero vy’iterabwoba vyihaye inkumbi i Bruxelles yari yapfungiwe mu gihugu ca Turkiya hanyuma arirukanwa muri ico gihugu, arungikwa mu karere k’Ubulayi, aho yarekuwe haheze amezi umunani.
Ivayo vyatangajwe na prezida wa Turkiya, Recep Tayyip Erdogan ku musi wa gatatu.
Erdogan avuga ko Reta yiwe yagabishije abategetsi mu gihugu c’Ububiligi ku vyerekeye Ibrahim el-Bakraoui, yapfungiwe mu bumanuko bw’igihugu hafi y’urubibe n’igihugu ca Siriya.
Prezida Erdogan avuga ko el-Bakraoui, inyuma yuko yirukanywe muri Turkiya, yarungitswe mu gihugu c’Ubuholande, mu bisa nuko arivyo yari yasavye.
Ntavuga ukugene n’igihe uwo muntu yakuwe mu Buholande ajanwa mu Bubiligi.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku murwa mukuru, Ankara, Erdogan ntiyavuze el-Bakraoui mw’izina yamara amakuru y’ibanga yibiwe itangazamakuru ryo muri Turkiya aravuga izina ryiwe ku buryo butomoye.
Abategetsi i Bruxelles bemeje ko Ibrahim el-Bakraoui yaturikije amabombe aramuhitana ku musi wa kabiri ku kibuga c’indege gikomeye c’I Bruxelles.
Uwo bavukana, Khalid afise imyaka 27, yariturikije na bombe mu kibanza ca metro i Bruxelles.
Bamenyekanye bifatiye ku bikumu vyabo.