Uko wahagera

Ibisigarira vy'Indege ya Malesiya MH 370!


Umunyafrika y’epfo yatoye ibishobora kuba ari ibisigarira vy’indege itwara abantu y’igihugu ca Malesiya yazimanganye kw’italiki 8 z’ukwezi kwa gatatu mu mwaka w’2014. Abategetsi bazokwihweza ibisigarira vyayo kugira bamenye iyo vyaturutse.

Neels Kruger, umushakashatsi w’ibintu vya kera bishobora kuba biri musi y’ubutaka, avuga ko yariko atembera ku nkengera z’ihabari hafi y’igisagara ca Mosselbay igihe yabona ibisigarira vy’indege imbere yiwe.

Kruger, yatangaje ko yabonye kw’ivyo bisigarira vy’indege vyasa n’ivyo yabonye ku masanamu. Amenyesha kw’ivyo bisigarira vyariko ikimenyetso ca Rolls Royce, isosiyete y’igihugu c’Ubwongereza ikora imoteri z’indege.

Yafashe isanamu y’ivyo bisigarira ayirungikira abategetsi mu gihugu ca Australiya bariko batohoza izimanagana ry’indege itwara abantu y’igihugu ca Malesiya mu mwaka w’2014.

Iyo ndege yari ivuye mu gisagara ca Kuala Lumpur igana igisagara ca Beijing igihe yata inzira yayo, irazimangana mu buryo bw’amayobera. Gushika ubu, abategetsi ntibazi ivyashikiye iyo ndege n’abantu amajana abiri na mirongo itatu n’icenda bari muriyo.

Yamara iyo ndege ibonwa ko yagize isanganya mu bumanuko bw’ibahari Indien.

XS
SM
MD
LG