Uko wahagera

USA: Abakandida Baravuga kw'Iterabwoba


Umukandida w'Umurepublikia, Donald Trump
Umukandida w'Umurepublikia, Donald Trump

Abakandida bariko bahiganirwa gutorwa guhagararira imigambwe yabo bariko bashikiriza ivyiyumviro vyabo bishasha ku kugene borwanya iterabwoba. Ivyo bibaye nyuma y’ibitero vy’iterabwoba vyihaye inkumbi mu gisagara ca Buruseli ejo ku musi wa kabiri.

Donald Trump ari imbere y’abandi bakandida mu mugambwe w’Abarepubulika. Uyu mugwizatungo avuga ko ibitero vyo ku musi wa kabiri i Buruseli abantu bari kuvyirinda iyo abategetsi bakaba bakoresheje uburyo bw’ugusambisha bukomeye. Ibyo birimwo gufata bunyamaswa Salah Abdeslam yagize uruhara mu bitero vy’iterabwoba vyo mu gisagara ca Paris, yafatiwe mu Bubiligi mu ndwi iheze.

Abdeslam avurwa ko yavuganye n’abagira itohoza. Yamara Trump yabwiye televiziyo CNN ko ashobora kuba ariko aravuga yovuga ningoga kurushiriza afashwe bunyamaswa.

Undi mukandida ni Ted Cruz ahiganwa bikomeye na Trump, ku ruhande rw’Abarepublika. Wewe yavuze ko impunzi nshasha izarizo zose ziva mu bihugu birimwo igitigiri gikomeye c’intagondwa z’umurwi al-Qaida n’umirwi witwa Reta ya Kiyisilamu bakwiye kutemererwa kwinjira muri Amerika. Yatangaje kw’abajejwe kwubahiriza amategeko muri Amerika bakwiye guhabwa ububasha bw’ukugenzura ibice bibamwo aba Islamu imbere yuko bahinduka intagondwa.

Hillary Clinton, ahiganwa ku ruhande rw’Abademokrate yariyamirije Donald Trump mu kuvuga ko ikibazo atari uguhitamwo umukuru w’igihugu gusa, ngo n’uguhitamwo umukuru w’igihugu abikwiriye.

Madamu Clinton amenyesha ko Amerika idakeneye abategetsi batera ubwoba abanyagihugu.

XS
SM
MD
LG