Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Barack Obama yabonye uno musi ku wa gatatu na prezida mushasha w’igihugu ca Argentine, Mauricio Macri, ikimenyetso c’imigenderanire itera imera neza kurushiriza hagati ya Amerika na Argentine.
Prezida Obama yashitse ku murwa mukuru w Argentine, Buenos Aires, mu gitondo c’uno musi ku wa gatatu, mu rugendo rw’imisi ibiri, ruhuriranye n’ukwibuka imyaka mirongo ine irangiye habaye kudeta yari ishigikiwe n'Amerika.
Umutekano wari wongerejwe ku murwa mukuru, Buenos Aires inyuma y’ibitero vy’iterabwoba vyabaye ejo ku musi wa kabiri ku murwa mukuru w’Ububiligi, Bruxelles.
Amwe mu mayira y’amatereni agendera musi y’ubutaka yari yugawe, mu gihe amabarabara yari yazibiwe hafi y’aho prezida Obama yari kugendera.
Prezida wa Argentine, Mauricio Macri, yashitse ku butegetsi mu kwezi kw’icumi na kabiri mu mwaka uheze, yatangaje ko ashaka imigenderanire ikomeye mu vy’ubutunzi na Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’ibindi bihugu bifise ubutunzi bwisunga amasoko yigenga.
Ku muhingamo w’uno musi ku wa gatatu, vyitezwe ko Perezida Obama na prezida Macri bashikiriza amajambo mu gihe bazoba bariko basangira ku meza.
Urugendo rwa Obama ruhuriranye n’ukwibuka imyaka mirongo ine irangiye intwaro z’agahotoro za gisirikare zitanguye muri Argentine, zatumye abantu bagera ku bihumbi mirongo itatu bicwa canke bazimangana.
Ejo ku musi wa kane, prezida Obama afise imigambi y’ukuja mu kibanza cubatswe mu mugambi w’ukwibuka abasinzikajwe n’izo ntwaro.