Uko wahagera

Yemeni: Aba Al-Qaida Batari Bake Bishwe n’Indege z’Amerika


Igisirikare ca Reta zunze ubumwe z’Amerika kimenyesha ko cishe abarwanyi ba al Qaida mu gitero c’indege cagavye ku kambi al Qaida utangiramwo umyimenyerezo ya gisirikare ku barwanyi bawo mu gihugu ca Yemeni.

Ibiro vya Pentagoni bijejwe kwivuna abansi bimenyesha ko ico gitero cabaye ejo kuwa kabiri cahitanye abarwanyi batari bake.

Umuvugizi w’ibiro vya Pentagoni Peter Cook yamenyesheje ko abo barwanyi bagomba kugira Yemeni aho bategurira ibitero kubakozi ba Amerika muri Yemeni.

Cook amenyesha ko abarwanyi barenga 70 aribo bariko baratanga imyimenyerezo mur’iyo kambi.

XS
SM
MD
LG